BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Jesus Audry yavuze ku rugendo rwa Kigingi mu Bubirigi

Jesus Audry ngo n’umufana bikomeye wa Kigingi, Kandi kuva kera eka ngo uwo mugirwa azowubandanya.

Mu kiyago yagiranye na Juste Gael, Audry yavuze ko kuba yarabashije gukinana na Kigingi kuri Podium imwe, ngo ryabaye iteka ridasanzwe.

Audry yanavuze ko ugukinana nawe yahigiye ibintu vyinshi, kimwe murivyo ngo nuko yasanze Kigingi Ari umu Professional wa Improvisation, Aho akabivuga yisunze yuko n’uwutsitaye amukinako.

Audry muri ico kiganiro nyene yanavuze ko urugendo rwa Kigingi mu bubirigi rwamuryoheye, kuko nawe yizera ko azokinirayo igihe nicagera. Audry ntiyanaretse kuvuga ko kuriwe n’uwomushira ku Kanyaru nubwo atoba arinjira mu Rwanda agakina gusa noneho akigarukira, ngo n’iryo n’iterambere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775