Entertainmenthomepage

John Elarts ngo arakora ivangura mu baririmvyi

Mu gihe hari abaririmvyi bidogera abahinyanyuzi, bamwe baremeza ko habamwo ukubavangura iyo bariko babakorera, uwo nawe s’uwundi ni John Elarts aheruka gushikiriza ko agahembo gatuma ahitanwo uwuhabwa Ibikorwa Imbere y’uwundi.

 

Mu kiyago na Hosy irakoze, uwo muhinyanyuzi amaze gutangura kwigarurira imitima y’abaririmvyi batandukanye bo muri Afrika y’ubuseruko, yavuze ko hari abaririmvyi bamuha amahera make bigatuma bitamworohera gukora akazi kiwe.
John Elarts yavuze ko abo bisaba akanya ko kwitondera ibikorwa vyabo, kugira ahe insiguro ibikorwa aba ariko arakora.
John Elarts akaba yavuze ariko ko hariho abanndi batanga amafaranga akwiye, bigatuma ivyo aba yipfuje gukora muri Video abikora vyose, ari naho bimworohera mu guteranya ayo masanamu.
Hagati y’abo baririmvyi 2, ngo ntivyoroha kubahera amasanamu icarimwe, kuko umwe ivyiwe biba bitonze neza ariko abandi ngo babanza kurondeza.
John Elarts Kandi yamenyesheje ko hariho n’abagenda bajanye amahera menshi gusumba abandi, kuko baba bashaka ibintu vyihutirwa, ngo abo rero aca abacisha imbere y’abandi.
Uwo musore akomoka mu ntara ya Makamba, avuga ko ubu ibijanye n’igiciro c’amafaranga akorera amasanamu y’indirimbo ngo vyaduze, ngo abo yakoreye aho hambere, ibiciro ntibikiri vya bindi.
Muri ico kiganiro nyene yishuye ku kibazo cabazwa nimba agiye kugenda gukorera mu mahanga, ntasubire kuboneka hano iwacu. Inyishu yatanze, yavuze ko atarivyo na gato, ahubwo ngo azoza aragenda iyo bamwizeye ariko ataha hano iwacu.
Muri ico kiganiro Kandi yasobanuye ko naho bavuga ko akorera amahera menshi, bwa bundi, ngo ntaco asigarana ku mufuko, kuko ibikoresho akoresha mu gukora amasanamu s’ivyiwe, nawe arakota.
John Elarts akavuga ko ubu ata camera afise, Kandi ngo nta Soni bimutera kubivuga, ariko ngo yizera ko bizogenda biraza agatinda akagira ibikoresho vyiwe Kandi bigezweho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722