BurundiEntertainmenthomepageIndundi Cinemakirundi

John Kay ngo ashobora gusubirira Steven Kanumba

Yahisemwo kugera ikirenge muca Steven Kanumba mu gutegura yitonze ireresi, ngo bikunde ize imeze neza.

Kuva umuhisi Steven Kanumba yitavye Imana, ngo nta reresi ryiza ryasubiriye kuboneka, ari naco gituma isoko ry’amareresi muri kano karere ryasubiye hasi. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na John Kay.

Mu kiganiro yagiranye na Fanny, uwo mwanditsi bakaba n’umukinyi w’amareresi, yavuze ko ico arico catumye ashima kwitonda ngo bakore ireresi ryiza, COPS Enemy. Iryo reresi rikaba ryakozwe imyaka 3.

Iryo reresi ngo ryatwaye afaranga atari make, mu mezi aheze hamenyekanye ko yoba yatwaye imiliyoni 150 z’ama Tanzania. Akaba ashimira abarundi batandukanye bari muri Australia bamufashije bashiramwo amafaranga yabo.

Iryo reresi bikaba vyaranavuzwe ko hoba hariko haba ibiganiro hagati y’abayitunganije hamwe n’abatwara Netflix ngo bikunde barabe ko yogurwa n’ico kigo ngo kiyerekane Ku rubuga rwabo.

Iryo reresi rikaba uku kwezi ryitezwe gushirwa ahabona, muri Tanzania akaba ari kuri uyu wa 16, I Burundi kuwa 18, nayo bukeye kuri App ya Wema Sepetu ikaba izoca ishirwa ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775