homepageJustice

Urubanza rw’umumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana rwungurujwe ku ncuro igira kabiri

Sentare nkuru ikukira komine ya Mukaza yafashe ingingo y’ukunguruza imburano kurubanza rw’icaha rwa Kenny Claude Nduwimana ubugira kabiri ku mvo yuko uwo basangiye dosiye atitavye ubutungane

Kenny Claude Nduwimana umumenyeshamakuru avec JAYC TV gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi ari mw’ibohero rya Mpimba ku va ku wa 17 gitugutu umwaka w’2023.

Yari yafashwe itariki 3 gitugutu umwaka w’2023 aho yaciye amara hafi indwi zibiri mu rwego rwiperereza rw’igihugu munyuma ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Ku mutahe umurengutsa mu butungane handitseko yagirizwa icaha co gucafuza inzego z’igihugu mu gushikiriza ku magenekerezo atandukanye inkuru ivugako izo nzego ziri mu myimenyerezo mu gihe izo nzego zikiri mu kazi , icaha gihanwa n’igitabo mpanavyaha mu ngingo zaco z ‘393 à 396.

Yagirizwa kandi gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu mu gushikiriza inkuru zitarizo zicafuza inzego z’igihugu ku muhora wa twitter ku mazina Umuhinga yigenga na Ubutungane. Icaha gihanwa n’igitabo mpanavyaha mu ngingo z’611, 635 à 636.

Kw’igenekerezo rya …./202… Kenny Claude nduwimana yari yaritavye ubutungane kuncuro yambere, icogihe ntiyaburanye kuko uwobagiririzwa hamwe ivyo vyaha Medar Muhiza, nous aburana yidegemvya, ntiyari yaritavye sentare.

Kuruyu wa kane igenekerezo rya 2/5/2024 , umumenyeshamakuru Kenny Claude Nduwimana , mumwambaro usa n’icatsi kibisi uranga abafungiwe mu mpimba, yari yongeye kwitaba ubutungane ariko n’ubundi yitavye ari wenyene kuko Medar Muhiza yongeye gusiba, arivyo vyatum Ye Kandi sentare ifata ingingo yo kunguruza kandi imburano kw’igenekerezo rya 16 mukakaro 2024.

Umucamanza akaba yasavye umushikirizamanza kwandika ko Medar Muhiza atitavye kandi ubutungane.

Amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique akorera mu Burundi akaba yari yashitse kuri sentare gukurikirana urwo rubanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671