Burundihomepagekirundi

Josiane Kwizera ngo yahisemwo gufotora kuko yabikunze kuva akiri muto

Uno musi kubona umwigeme afotora ntibikiri ibitangaje hano iwacu, kuko uwo mwuga wahora ufatwa nk’uw’abagabo gusa, ubu usigaye uhurumbirwa n’abigeme batari bake. 

Akarorero ni nka Josiane Kwizera avuga ko amaze kugira ico yigurira biciye muco aronka muri uwo mwuga. Muvyo amaze kuronka avuga harimwo Inyabwonko (Laptop), Appareil Photo yo bwoko bwa Canon avuga ko izimvye, co kimwe n’ingendeshwa nka zimwe ziheruka kwirukanwa mu gisagara hagati (Moto).

Mu kiganiro Ntahokatarondererwa, Josiane yavuze ko mu ntango yagize ibibazo vyo kuronka uwumwigisha, ariko Imana yugurura imiryango aronka umuntu amwigisha ico gihe hari muri 2018, noneho muri 2019 atangura kubikora nk’akazi.

Josiane Kwizera, ubu akaba aronka ibiraka vyo gufotora mu manza, co kimwe no gufotora abana batoya, kandi bikaba bimubeshejeho, naho abavyeyi bashaka ko aja kubandanya amashure yige kuvura abantu, ariko we ashima kwiga gufotora kuko cari ikintu yamye akunda kuva kera.

Josiane akaba ahanura abakiri bato gukura amaboko mu mpuzu bagakora, kuko ubu atarico kimwe n’aho hambere aho abavyeyi baheza amashure bafise ubuzi, ariko ubu ngo nukukironderera. Kubwa Josiane ngo uwugaya akazi nuko aba atazi ico ashaka gukora.

Mwomenya ko Josiane amashure yisumbuye yari yize ibijanye n’ubumenyi (Scientifique), ariko kamenuza ntiyayiga ahubwo yiga gufotora, naho abavyeyi bo bashaka ko yiga kuvura abantu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764