BurundihomepageJusticekirundi

Justice : Sentare nkuru ya Gitega yaraye ibakatiye umunyororo w’imyaka 15

Umunyororo w’imyaka 15 n’indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni 15 z’amarundi nico gihano Sentare y’igihugu yegukira intara ya Gitega yaraye iciriye abagore batatu bo muri iyo ntara nyene.
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Ntwarante umwaka w’2021, niho Sentare nkuru y’igihugu yegukira intara ya Gitega yacira urubanza abagore batatu bagirizwa icaha co gushaka kugandagura umwigeme Josiane bamukubise bongera bamushira ipiripiri n’umusenyi mu gihimba c’irondoka.
Mu gihe abo bagore bazoba batayatanze bazopfungwa iyindi myaka 25 yiyongera kuri iyo baraye bakatiwe. Amakuru ava i Gitega avuga ko urwo rubanza rw’ikibiriraho rwakurikiranywe n’abantu benshi. Basiguye ko bababajwe n’ico bita ubukozi bw’ikibi bwakorewe uwo mwigeme bagiriza kwiba abagabo abandi bagore.
https://youtu.be/q1H79dU9zEI

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764