homepage

Justin Ndikumana yoba agiye guhindura umugwi

Mugihe muri kino gihe mu gihugu ca Tanzania bageze mugihe c’igura n’igurishwa ( Mercato), umugwi Mtibwa Sugar nawo ngo woba wamaze kwikorako k’umunyegori w’Intamba mu rugamba Justin Ndikumana.

N’inkuru yatanzwe ubwa mbere n’ikinyamakuru co mu gihugu ca Tanzaniya kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 06 Nzero 2024, ico kinyamakuru Mwanachi canditse ko umugwi wa Mtibwa Sugar umaze kugura umunyegori w’umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba Justin Ndikumana.

Ico kinyamakuru kikavuga kandi y’uko Justin Ndikumana yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Mtibwa Sugar ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania mu kiringo c’umwaka umwe n’igice .

Ngo impamvu yatumye uwo mugwi wa Mtibwa Sugar ugura uwo munyegori w’Intamba mu rugamba n’uko yoza gufashanya n’umunyegori wabo wa mbere Mohamed Makaka ibikondoka bimaze imisi bimurembeje.

Ndikumana Justin yari asanzwe asamira umugwi wa Coastal Union usanzwe ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania , naho yaguzwe muri Mtibwa Sugar ntamwanya yari agihabwa ukwiye wo gukina mu mugwi Coastal Union , ibishobora kuba vyatumye ahitamwo kwerekeza muri Mtibwa Sugar .

Inyuma yayo makuru , ikinyamakuru Mwananchi cegereye Justin Ndikumana kugira kimubaze y’uko ayo makuru yoba ariyo . nawe akaba yishuye y’uko muri kino gihe ari kumwe n’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uriko witegurira urukino rwa gicuti na Algeria vyogorana y’uko yishura ico kibazo .

Akaba yagize ati’’ muri kino gihe ndi kumwe n’umugwi nserukira gihugu w’Uburundi mu ntumbero yo kwitegurira urukino rwa gicuti na Algeria Igenekerezo rya 09 Nzero 2024 , rero sindi mu kibanza ciza co kwishura Ico kibazo ‘’

Umunyezamu Justin Ndikumana amaze gukinira imigwi itandukanye yo muri kano karere harimwo niyo ngaha iwacu nka Prince -Louis na Vital’o Fc zo mu Burundi , St loi Lupopo yo muri Congo , Bandari yo muri Kenya hamwe na Coastal Union yo muri Tanzania .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671