homepagekirundi_Sports

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abigeme watanguye imyiteguro.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 08 nzero 2024 ku kibuga c’ubuhinga mu Ngagara CTN, umurwi nserukiragihugu usanzwe umenyerezwa na Alain Olivier Niyungeko, asanzwe kandi amenyereza umurwi Bumamuru FC, watanguye imyimenyerezo yawo yo kwitegurira inkino zibiri zo kurondera uburenganzira bwo kuzokwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi c’abadashikana imyaka 20.

 

Mu murwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba, amwe mu mazina akomakomeye twobabwira nka Peace Olga Niyomwungere asanzwe ari nawe kizigenza w’uwo murwi, asanzwe kandi akinira mw’ihiganwa ry’icicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda, mu murwi As Kigali. Uwundi twobabwira ni Bizimana Rukiya yahoze akinira umurwi Etoile du matin, ariko ubu akinira umurwi PVP Buyenzi ukina icicaro ca mbere mu Burundi, mw’ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s League.

Mu nkino zibiri umurwi nserukiragihugu ufise ukazotana mu mitwe n’umurwi nserukiragihugu wa Nigeria ku magenekerezo ya 14 na 20 Nzero uno mwaka wa 2024, urukino rwa mbere rukaba rutegekanijwe gukinirwa mu Gihugu kibanyi ca Tanzaniya i Dar es Salama, aho ni mu gihe urundi rukino rwo gusubiza ruzobera mu gihugu ca Nigeria.

Mwomenya ko umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba muri izo nkino bamaze gusezerera ibihugu nka Afrika y’epfo hamwe Repubrika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo. Ikindi kandi umurwi uzorengana hagati y’Uburundi na Nigeria ni wo uzoca witabira iryo higanwa rizobera mu gihugu ca Kolombiya uno mwaka wa 2024.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 806