homepagesociete

Kabezi : Abacukura urucekeri baranegura ingingo ya Musitanteri

Bamwe mu bacukura urucekeri ku mutumba Gakungwe zone Ramba komine Kabezi y’intara ya Bujumbura bazindutse bitura ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruhuma umwaka wa 2024 umushikiranganji w’ibidukikije kugira abarenganure ku ngingingo yafashwe na musitanteri wa Kabezi yo guhagarika ibikorwa vyabo kuva kw’igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2024 .Umushikiranganji amaze kubumviriza yabemereye ko agiye mu maguru masha gushiraho umurwi wiga ico kibazo unatange n’umuti.

Abo banyagihugu basanzwe bimba amabuye y’urucekeri benshi bita “carriers” mu rurumi rwigifaransa basanzwe bahurikiye muri koperative ,bavuga ko bari basanzwe bafise impusha bahabwa n’ubushikiranganji buraba ivy’ubutare hamwe n’ubushikiranganji bw’ibidukikije bubemerere gukorera ku mutumba wa Gakungwe zone Ramba komine Kabezi ;ari n’ako kuvuga ko badatahura ukuntu Musitanteri wa komine Kabezi yofata ingingo yokubahagarikira ibikorwa kugira aho bahora bakorera hahabwe abandi .

Abo bimba urucekeri bashikiriza ko iyo ingingo yo kubahagarika iza itandukanye n’akamo bama bariko baraterwa n’indongozi ngo bakure amaboko mu mpuzu barwize umwimbu ,gutyo igihugu gitere imbere .

Abo banyagihugu barongera kand bagashikiriza ko kuva ibikorwa vyabo bihagaritswe k’umusi wa gatanu,ubu babayeho nabi .Aha ni mugihe bari bituye Umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine aranabemerere ko bashobora kubapimira ahangana naho bari basanzwe bakorera hanyuma bakimurwa ariko ibikorwa vyabo bidahungabanye ,Ivyo navyo bikaba bitahavuye bikorwa .

Aho bari bishikiye kwitura umushikirangaji w’ibidukikije aho asanzwe afise ibiro mu gisagara ca Bujumbura, bakaba bavuga ko bamwandikiye co kimwe n’a mugenzi we w’ubutare ariko ntibaronka inyishu.

Umushikirangaji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi ,Prosper Dodiko yahavuye abakira ,arabumviriza mu masaha y’inyuma y’umutaga ,mbere acabemerera ko vuba agiye kurungika umurwi wishikire ku rubuga , hanyuma ubonye ibikenewe ukemure ico kibazo .Iyo ngingo ikaba yashimishije abo banyagihugu bari bituye ubushikiranganji.

Imiryango ivugako iriko iraturatura kuko yari itunzwe no kwimba urucekeri k’umutumba wa Gakungwe ,muri zone Ramba intara ya Bujumbura,ikaba yababa 300.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669