Agriculturehomepage

Kayanza: Abarimyi b’icayi basaba ko igiciro c’ikiro c’amababi coduzwa

Amahegitari 27 y’icayi ni yo amaze kurandurwa n’abarimyi mu makomine ya Muruta na Kabarore yo mu ntara ya Kayanza . Ivyo bigaterwa n’uko bamwe mu barimyi badashimishwa n’igiciro baronka ku kiro c’amababi y’icayi ,bagasaba leta ko yobadugiriza igiciro kikava ku mafaranga 350 ku kiro akaduzwa kugera n’imiburiburi ku mafaranga igihumbi. Uwurongoye ishirahamwe OTB rya Rwegura aremeza na we nyene ko ico giciro kikiri gito. Akavuga ko hari umurwi washizweho uriko uriga ukugene ico giciro cosubirwamwo aho agirako asaba ko hojaho itegeko rikingira ico giterwa njabukamazi kugira ngo ntikigende akagirire .


Bamwe mu barimyi b’icayi bo muri komine Muruta twayaze , bamenyesheje ko n’ubwo ico giterwa ari njabukamazi , leta isa n’iyidaha agaciro umurimyi ngo kuko amafaranga 350 itanga ku kiro ari intica ntikize. Bakagereranya ico giterwa n’ivoka aho bavuga ko ivoka ryitwa rito muri kino gihe rigurwa amafaranga 500 mu gihe ikiro c’icayi kandi kiba casoromwe ahatari hato kiri ku mafaranga 350.
Ikindi ngo ni uko kugira bagere kuri uwo mwimbu ngo biba vyabafashe uburyo butari buke harimwo ifumbire , uguhemba abakozi n’ibindi . Abo barimyi rero bakavuga ko abo barandura icayi ari ukubera agashavu .

Ico gihe rero ngo baraheza bakagisubiriza ibindi biterwa mbumbarugo nk’ibiraya , ibigori n’ibindi , vyera ningoga kandi bikabaha umwimbu urengeye cane uwo baronka mu cayi kandi mu gihe gito cane. Bagasaba rero leta gukora ibishoboka vyose ikabaduguriza igiciro n’imiburiburi ikiro kikagera ku mafaranga igihumbi ngo na rirya ifaranga rigenda Rita agaciro , ubuzima nabwo butera buzimba uko bukeye uko bwije.
Kuri iyo myitwarariko , Richard Nahayo arongoye ihinguriro ry’icayu rya Rwegura amenyesha ko na we nyene ko ico giciro kikiri gito.

Akavuga ko hariho umurwi washizweho na leta uriko uriga ukugene ico giciro cosubirwamwo aho agirako asaba ko hojaho itegeko rikingira kandi rigahasha abarimyi barandura icayi kugira ngo ico giterwa njabukamazi ntikigende akagirire. Tubamenyeshe ko mu makomine ya Muruta na Kabarore haharurwa amahegitari 27 y’imirima y’icayi amaze kurandurwa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669