culturehomepageMusique

Abacuraranzi basaba ko ibicurarangisho kavukire vyogarukirwa

Bamwe mu bakoresha ibicurarangisho kavukire bavuga ko bimwe bimwe bishobora kuzimangana burundu .Bakabona ko hari hakwiye utwigoro mu kwigisha urwaruka rukiri ruto kuva rukiri mu mashure shingiro.Ubushikiranganji bw’imicokama buremeza ko uyo mwitwarariko ufise ishingiro yamara bukavuga ko buzoshikiriza uyo mwitwarariko mu nama nshikiranganji.

Bamwe mu bacuraranzi bariko berekana amakenga yabo kubijanye n’ibicurarangisho kama ,umuhumure Torobeka Josèph asanzwe acuraranga inanga anegura ko inanga yarengewe n’ibicurarangisho mva mahanga kandi ifise ico yisangije .Aho agira ati: ” n’ubwo k’umusi w’umuganuro havuzwa ulurisho w ‘ingoma ,n’inanga yari ifise ikibanza cayo. “

N’umucuraranzi w’inanga Sébastien Ntahongendera asanga muri rusangi ibicurarangisho kavukire bishobora kuzimangana burundu agasaba ko ikibazo cohagurukirwa.

Mu kigigo ndangakaranga Akiwacu bobo bafise amakenga bubazosigarana obicurarangisho kavukire hamwe bamwe mubakurambere bazoba barashengeye .

Umwanditsi akongera akaba n’umukinyi w’ivyese Arthur Banshayeko abona ko ikibereye aruko mu mashure y’intango mu ntonde hoshirwamo ivyirwa vy’imico n’akaranga.

N’umushikiranganji w’Imicokama Gervais Abayeho aremeza ko hakwiye ko aberwa bose n’ibijanye n’imico n’akaranga bokora ibishoboka vyose kugira ibicurarangisho kavukire bihabwe ikibanza kandi hadashizwe Inyuma kuvyigisha urwaruka rukiri ruto mu mashure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 670