Entertainmenthomepagekirundi

Kajala yoba ariwe ahaye Mista Champagne gukwiza 100,000 Kuri TikTok?

Mista Champagne aheruka gukwiza abamukurikirana Kuri TikTok bashika 100,000. Akaba abaye umuririmvyi akorera ku butaka bw’uburundi akwije abamukurikirana bangana gutyo Kuri urwo rubuga.

Urwo rubuga rusanzwe ruhurumbirwa n’abakunda utu video duto duto cane, rukaba rubarizwako abaririmvyi b’abarundi bake cane, kuko bitoroha kurukoresha.

Abazwi ko barukoresha cane bakaba barimwo Mista Champagne, Big Fizzo, Mow Kanzie, Alvin Smith, Monia Fleur n’abandi badakunze kuboneka cane Kuri urwo rubuga.
Nka bose bakaba badashirako Indirimbo zabo, ahubwo bakaba basubiramwo amajwi y’abandi, ariko Mista Champagne wenyene akaba ariwe ashirako ibintu vyiwe nka vyose.
Ikiranga urubuga rwa Mista Champagne n’uruvugo, kuko akatari gake avuga ivyo aba abona ko vyari bikwiye guhinduka, akenshi akavuga ivyo benshi bakunze kwita urusaku.
Mista Champagne, akaba amaze kuhashwanira n’abatari bake barimwo Umugore w’umu Congomanikazi aba muri Australie bateranye amajambo atari meza na gato mu misi iheze.
Ukwo kuvuga abantu, uguterana amajambo hamwe n’ukuvuga ibitavuga bose bikaba arivyo bitumye uwo mugabo akundwa cane Kuri urwo rubuga rwa TikTok co kimwe na Instagram kuko ho amaze kurenza 164,000 vy’abamukurikirana.
Ukuvuga cane ibijanye n’umu Tanzaniyakazi Kajala Frida yigeze kugendana na Harmonize, bigize imisi biranga uwo muririmvyi wacu, bikaba bishobora kuba biri mu biriko bituma urwo rubuga rwiwe rwa TikTok ruduga cane.
Inyuma ya Mista Champagne, Mow Kanzie akaba ariwe aza mu kibanza ca 2, aho akurikiranwa n’abarenga 30,000, Monia Fleur akaza mu kibanza ca 3 n’abarenga 26,000, Big Fizzo n’abarenga 21,000 hamwe na Alvin Smith akurikiranwa n’abarenga 15,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769