homepageIKIRUNDI_news

Kami Mireille abaririmvyi bamushigikiye kuja gusezerana iteka umuvyeyi wiwe

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 gitugutu 2021 niho abantu batandukanye baherekeje umuvyeyi w’umuririmvyikazi Mireille Kami.

Urupfu rwiwe rwabereye mu gihugu ca Kenya ariko barakora ibishoboka vyose ikiziga ciwe kirashikanwa ku butaka bw’Uburundi. Uburyo busabwa mu bihe biba bitoroshe nk’ivyo murazi ko ari bwinshi ariko Kami arashima Imana ko vyagenze neza agashimira vy’imva mutima abashoboye kugira ico bafashije.

Mw’ijambo ryiwe uwo muririmvyikazi yashimiye abaririmvyi bagenzi we uko bamufashe mu mugongo mu bihe bitari vyoroshe.

Inyuma yo kubura umuvyeyi wiwe Se ubu naho abuze Nyina, mwomenyako bari abana 11 hakaba hasigaye 7, ivyerekana ko uwo umuvyeyi wabo n’ubwo yashengeye yari yaragerageje kubarera neza mu ndero nziza n’ubwo yari umupfakazi.

Abaririmvyikazi nka bose bakaba bari bahashitse ku mushigikira ivyo bikaba vyamutumye nawe arema ko afise umuryango wagitse umushigikiye.

Indundi Magazine ikaba ibandanya imuhoza mu bihe arimwo bitoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671