IKIRUNDI_news

Babbi yakoranye na Mt Number one inyuma ya Dr Claude

Inyuma y’indirimbo yakoranye na Dr Claude, umuririmvyi Babbi ngo agiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha. Ako karirimbo akaba yagakoranye mugenziwe basanzwe babana muri Amerika. 

Akoresheje urubuga rwa Instagram asanzwe akoresha, uwo muririmvyi yerekanye ko hari indirimbo bamaze gukorana n’umuririmvyi Mt Number one agize igihe yifashe neza hano iwacu.

Iyo ndirimbo ntiharamenyekana neza akazina kayo, co kimwe n’igihe izoshirirwa ahabona, ariko bikaba bishoboka ko ari vuba cane, kuko muvyo yashikirije nuko ari Vuba.

Iyo ndirimbo buca ishirwa ahabona ikaba ishobora kuba iri mu ndirimbo yari yemeye aho aheruka hano iwacu, aho yari yavuze ko hari indirimbo ziriko zirakorwa zirimwo ama Collabo ya hano iwacu co kimwe n’iz’abanyamahanga.

Mwomenya ko Babbi atari mu gitigiri c’abaririmvyi bahababukira cane ibijanye n’ama views kuko we ngo aba yipfuza gutanga ibikorwa bikozwe neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,020