homepageUbworozi

Kayanza :Aborozi b’inkwavu basaba kuronswa abaganga

Aborozi b’inkwavu mu ntara ya Kayanza barashima uko ubworozi bwabo bubasahiriza mu miryango ariko bagasaba kuronswa abaganga b’inkwavu.Ubuyobozi bw’ubworozi mu ntara burabahumuriza.

Bamwe muri abo bororozi b’inkwavu bo kuri imwe mu mitumba igize intara ya Kayanza bariko barijukira ubwo bworozi,Ubu barashima yuko ubwo bworozi bubasahiriza mu miryango yabo na cane cane ko inkwavu zunguka ni ngoga .

Abo borozi yamara bavuga ko muri kino gihe bafise ingorane zijnye n’abaganga babakwirikiranira izo nkwavu .
Ubuyobozi buraba ubworozi muri iyo ntara burahumuriza abo borozi bukavuga ko abasanzwe bavura izo nkwavu ari barya baganga nyene basanzwe bavura ibindi bitungwa bisanzwe.Georges Kamenyero akanegura ingendo ya bamwe muborozi bihutira kurya urukwavu Aho kuruvuvuza igihe rurwaye .

Ubuyobozi bw’intara buraba ibidukikije,uburimyi n’jbworozi butera akamo abanyakayanza bose kwijukira inkwavu kuko ari igitungwa nkenerwa mu muryango .Ubwo buyobozi buhimiriza kandi aborozi b’inkwavu kuja baregeranya amaganga kuko afasha muvyirwa bijanye n’indimo .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687