Inyuma yaho uwo mukinyi wa kera w’imyaka 19 mu murwi BUMAMURU wo mu ntara ya Cibitoke atsindiye ibitsindo vyinshi, hari Umurwi wari wamugomwe wo mu gihugu ca Egiputa mu murwi Al ittihad.
Alexandria birangiye agarutse mu gihugu c’Uburundi akaba agiye gukinira uwo murwi Agle noir wo muntara ya Makamba kugeza mu kwezi kwa Mbere umwaka wa 2024 akazoca asubira muri ico gihugu ca Egiputa kubandanya akinira Al Ittihad Alexandria, umurwi usanzwe ukina icicaro ca mbere.
Akaba arikumwe n’umurwi Aigle noir mu bakinyi bazofata urugendo berekeza mu gihugu ca Tanzaniya gutegura urukino rwo gusubiriza hamwe n’umurwi wo mugihugu ca Mali, Aho uwo murwi watsinzwe ibitsindo bibiri Ku Busa(2-0)ni mu nkino za Afrika(CAF Confederation Cup) zihuza imirwi yatwaye igikombe c’ihiganwa ryitiriwe umukuru w’igihugu.
Tubibutseko Alfred NKURUNZIZA mu mwaka w’inkino wa 2022-2023 ariwe yatsinze ibitsindo vyinshi bishika 18,inyuma ya Jean Claude GIRUMUGISHA yari yatsinze 16.



















