IKIRUNDI_news

Kent p ngo nabo ntibaramenya uko bategerezwa gutora Sat-b muri HAPA Awards

Uwutavyemera n’uwoba afise akandi kinyegeje inyuma, Bizimana Aboubakar karume benshi bazi nka Sat-b ari mu gitigiri c’abaririmvyi bariko bahiganwa muri HAPA AWARDS isanzwe itunganirizwa muri Leta zunze ubumwe za amerika. 

Ariko naho ari umunezero ko mwene wacu amaze guhabwa ikibanza hagati y’abanyecongo, abanya Guinee Bissau hamwe n’umunya Guinee, ntiharamenyekana neza uburyo abarundi n’abandi bafana biwe bose bomutora muri ayo mahiganwa.

Twegereye Manager wiwe, kent-p ngo aduhe umuco atubwire uko biriko bigenda, nimba abafana barekuriwe gutora, canke ari umugwi utanga amanota uzohava utora. Uwo mugabo yatwishuye ko batarabasha kumenyeshwa uko bipanze, kuko babimenyeshejwe kuri Mail ko bashizwe mu bariko bahiganwa gusa, ariko akaba yemeye kuzobishikiriza igihe nabo bahawe amakuru masha.

Naho bakirindiriye guhabwa umuco, imisi yo ntihagarara kuko ibirori vyo gutanga ubwo bushimwe bizobera muri Los Angeles mu nzu y’abahita yitwa Millenium Biltmore ku magenekerezo rya 22, 23 na 24 gitugutu (10) muri uno mwaka nyene, nayo umugwi w’abahiganwa arimwo n’uwo bise Best Traditional Music.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,021