homepagekirundi

Kenya cakurikiye ibindi mu gutanguza urucanco rushasha rukinga malaria

Inyuma y’igihugu ca Malawi na Ghana, Kenya kibaye igihugu kigira gatatu catanguye gukoresha igeragezwa ry’urucanco rushasha rukinga ikiza ca malaria kibangamiye cane akarere ka Afrika.

Ikinyamakuru c’abongereza BBC canditse kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2019 ko mu gihugu ca Kenya hemejwe itangura ry’igeragezwa ry’urucanco RTS-S mu mpfunyapfunyo y’igifaransa rukinga ingwara ya marariya.

Urwo rucanco rukaba rwari rumaze imyaka 30 rutanguye kugeragezwa mu gukinga ingwara ya malaria yandukira biciye mu kuribwa n’umubu. Urwo rucanco bivugwa ko mu bana bane kuri cumi baruhawe bafise umwaka umwe n’amezi atanu batigeze bafatwa n’iyo ngwara. Urwo rucanco rukaba rugiye gukoreshwa hadasizwe inyuma imisegetera irimwo imiti yica imibu, ivyo bikaba vyemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara yabantu kw’isi OMS.

Ico kinyamakuru cibutsa kandi ko ikiza ca malaria gihitana abantu bangana 400.000 ku mwaka kw’isi yose, ica kabiri cabo bakaba ari abana bakomoka muri Afrika yo musi ya sahara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755