East Africa NewsHealthhomepagekirundi

Kenya yatanguye guhana abatambara udufukamunwa

Muri Kenya abantu bagiye gutangura gufungwa kubera ukutambara udufukamunwa, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’uwurongoye igipolisi muri ico gihugu ca Kenya.

Mw’itangazo bashize ahabona bamenyesheje ko igihe c’imbabazi camaze kurangira, ko abantu bagiye gutangura gufatwa bagacibwa amande n’ugufungwa bagafungwa kubera batambaye utwo dufukamunwa, kuko ngo bararonse igihe gikwiye co kutugura.

Uwuzofatwa akaba azocibwa amande y’ibihumbi 20.000 KSH (188 $) yababa 524, 520 Fbu, canke agafungwa amezi 6, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu ca Kenya.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe utwo dufukamunwa dusanzwe tuzimvye muri ico gihugu kuko ako bakoresha rimwe gusa(nukuvuga amasaha atarenga 3) kagurwa 100 Ksh, yababa 2, 400 fbu, nayo agashobora kumara umwanya munini kagurwa 1,500 Ksh.

Leta ya Kenya ikaba yafashe iyo ngingo kugira haboneke uburyo bwo kwirinda gukwirakwiza ico kiza ca COVID19, ariko ivyo bikaba bisa nkaho bitandukanye n’ivyo umuryango w’amagara y’abantu kwisi , WHO, umenyesha aho abakwiye kwambara utwo dufukamunwa ari abariko bafasha abantu bagwaye iyo ngwara, n’abashobora kuba berekana ivyo bimenyetso gusa.

Gushika ubu Afrika yose ikaba imaze kubona abagera ku 17, 827 bamaze gufatwa n’iyo ngwara barimwo 225 bo muri Kenya. Nayo abamaze kwitaba Imana bakaba bashika ku 913 barimwo 10 bo mu gihugu ca Kenya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756