Entertainmenthomepagekirundi

Kidum ashigikiye ko abanyafrika bogerageza umuti w’abanya Madagascar

Kidum ngo ntatahura igituma abanyafrika batogerageza basi umuti wakozwe n’umushakashatsi wo muri Congo ariko akorera ibikorwa vyiwe muri Madagascar. Uwo mukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko ukiza kandi ukanakinga ikiza ca Covid-19 gihanze isi muri kino gihe.

Naho rero wumva uwo muririmvyi abona ko abanyafrika bohaguruka bagapima uwo muti, abandi bagize ico bashikiriza kuri urwo rubuga rwiwe ntibabibona kumwe, bo babona ko kugira umukuru w’igihugu yemeze uwo muti ngo abanza kuraba ingaruka zishobora kugira ku benegihugu biwe. Ivyo bikaba bidashoboka kuko ata biharuro Bihari vyerekana uko uwo muti ukora abawukoze barashira ahabona.

Abandi nabo kuri urwo rubuga nyene bakaba bamushigikiye kuko babona ko umuntu atobandanya yizera umuzungu, ngo ivyo twebwe abanyafrika twoba twatoye twoshigikirana. Ikindi bavuga nuko OMS yokwemeza uwo muti ngo isanzwe ishigikirwa n’amashirahamwe akora imiti.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe uwo muti utaremezwa n’igasata ca ONU kiraba amagara y’abantu, OMS, kandi hirya no hino kw’isi hariko haronderwa incanco mbere n’imiti kugira ico kiza gituzwe kw’isi hose. Hamwe ho bakaba bamaze gutangura kugeragereza ku bantu imiti imaze kuboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769