BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kidum avuga ko mu Rwanda azojayo naho igihe kigeze

Ukwisubirako ku ngingo yo kudasubira kuza i Bujumbura ngo vyavuye yuko yabonye ko igihe cari kigeze, no mu Rwanda ngo niyabona hageze naho azofata ingingo yo kuza arajayo, kuko naho ngo ahafise abakunzi b’ibikorwa vyiwe.

Mu kiyago na BBC Kidum yavuze ko abantu bakunda gufata ingendo ziwe yakora i Bujumbura n’i Kigali mu bikorwa vy’umuziki, bakavyitiranya n’ivya Politique ngo nibo batumye afata ingingo yo kudasubira guhonyoza ikirenge muri ivyo bihugu.
Aho akavuga ko ugufata iyo ngingo ngo kwari ukugira ngo afate akanya yihe amahoro.

Izo nkuru ziriko ziboneka mu binyamakuru bitandukanye zikaba ziriko ziboneka inyuma yaho yandikiye ku rubuga rwiwe rwa Instagram na Facebook asaba imbabazi kuba yarafashe ingingo yo kudasubira kugaruka i Burundi, ariko kandi amenyesha ko agiye kuza i Burundi kuhakorera igikorwa.

Gushika ubu bikaba biboneka ko hari ikintu gikomeye c’ibiteramo yoba ariko arategura gukora muri kino gihe, kuko ariko ashira ahabona indirimbo zitari nke mbere n’amasanamu menshi menshi ibiheruka kuboneka kuri Kidum vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775