BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi agiye gukira “uzoduha umwana ryari?”

Umwaka wa 2023 ngo uzorangira umuryango wa Mugenzi Alfred Aubin benshi muzi nka Kigingi baronse ikibondo. Ico nico cizere guheruka gutangwa na Marina umutambukanyi wiwe biciye ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Nkuko vy’ama buri gihe, abantu iyo barangije umwaka bararyohererwa kuba barabashije kubaho uwo mwaka, ariko Kandi bakanaryohererwa kuba barabashije kugira ico baronka muri uwo mwaka.

Marina nawe ntiyaretse gushikiriza ikiri ku mutima, aho akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, yabashije gusangiza abamukurikirana ko uwu mwaka wamubereye mwiza.

Uwo mutambukanyi wa Kigingi akba yagize ati : ” Thank You Lord for 2022… Watugiriye neza.”

Ubwo butumwa bwabonetse ku rubuga rwa Instagram mu gice ca Storie, ntibwabaye bumwe, kuko Yanagiriyeko anasangiza abamukurikirana Video Aho yerekana umuntu ariko arakuyakuya ku nda y’umuvyeyi yibugenze.

Iyo video yakuwe ku rubuga rwa TikTok rw’umu Influencer yitwa Ashley, ikaba yabonetse yanditseko ko bagiye kuja mu mwaka wa 2023 bazi ko ari umwaka bazoba ari umuryango w’abantu 3, kubera ico kibondo cabo gishasha.

Ntaco barabasha gushikiriza kuri iyo ngingo, ariko bikaba bishoboka ko rero vyoba vyerekana ko uwo munyarwenya agiye kuronka umwana.

Ku bavyibuka uwo mugabo amaze igihe kitari gito ariryo jambo abazwa cane gusumba irindi, aho n’inyuma y’ijambo kutarongora naryo ryari rimugeramiye imbere yuko abikura mu nzira muri uno mwaka wa 2022.

Uwo mugabo akaba kuri ico kibazo c’uko abantu bokwitega umwana, yagumye yishura ko bari ku kivi Kandi umwana atangwa n’Imana.

Mwokwibuka ko uwo mugabo yakoze Dot mu mpera z’umwaka wa 2021, umwaka wa 2022 ruriko turarangiza akaba yawutanguye aca arushinga. Ibirori vyo gukwa bikaba vyabereye i Kigali, mu gihe ibirori vy’ubugeni vyabereye I Bujumbura.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775