BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi arasangira n’abafana bo muri Sweden mu Bwato

Mu gusezera abafana biwe bamwitabiriye neza muri Sweden, Kigingi ngo araza gusangira kuri uyu wa 3 mu Kibanza ngo atari kugenda atagendeye.

Mu butumwa yashikirije kuri Instagram, ashimira abitavye igiteramo ciwe cabaye igenekerezo rya 1/10 I Uppsala muri Sweden, Kigingi yabwiye abafana ko hategekanijwe ugusangira nawe mu bwato.

Kigingi akaba yahamagarira abafana kuba barafata ibibanza, naho atamenyesheje ko ibibanza biharurwa ku ntoke. Uwo mukinyi ariko akaba yashikirije muri iyo Video ko atari giteramo ari ugutera inkuru bisanzwe.

Mwomenya ko ivyo yabishikirije imbere gato yuko abateguye igiteramo muri ico gice ca Sweden basaba imbabazi ku bibazo bitari bito vyashitse muri ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775