BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kigingi azohimbariza Pasika I Burayi

Abakunzi ba Mugenzi Alfred – Aubin benshi muzi nka Kigingi nimuryoherwe, ndasubiyemwo ni muryoherwe, kuko Pasika muzoyihimbaza neza.

 

Abazoyimbaza neza n’abo mu mugabane w’uburayi, neza neza mu gihugu c’Ububirigi, kuko uwo mugabo w’inararibonye mu kudigadiga abantu akoresheje amajambo, azoba yahishikiye.

Igenekerezo rya 7/4 niryo genekerezo ryashizwe ahabona n’uwo mugabo muri Posts yashize ahabona ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Naho hamenyekanye umusi, ikibanza, n’izina, amafaranga yo kwinjira ntarabasha kuvugwa. Nayo abamuhamagaye akaba ari Kadrich & Fusion Events.

Kigingi akaba ayaheruka muri ico gihugu mu mwaka uheze, aho yari yahamagawe n’abo muri Akiwacu Event, uno mwaka bakaba bikoze Kuri Drama T azobasha gukorera igiteramo muri ico gihugu mu kwezi Kwa 5.

Nta wuzi rero ko Kigingi azohamara umwanya urume rumara nkuko vyabaye mu mwaka uheze, canke azoca abandanya akora n’ibindi biteramo Kuri uwo mugabane w’Uburayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775