Diasporahomepagekirundi

Kigingi inyuma yo kumwizera mu Bubirigi yabaye rutumwako mu mahanga

Ku mazina yahawe n’abavyeyi ni Mugenzi Afredy Aubin akaba azwi kw’izina rya Kigingi. Ni umu comédien w’umurundi yabaye uwa mbere gutahuza abandi ba comédiens y’uko impano yabo yobabeshaho.

Uti gute? ibiteramo urazi ko ariho abanyabuhinga baronkeramwo akoyoko, yamara ibiteramo vyari bimenyerewe mu Burundi bihuza abantu isinzi vyari ivy’abaririmvyi gusa.

Kigingi acaza ku ncuro ya mbere n’igiteramo ciwe citiriwe Kigingi Summer comedy, abantu barashwabadutse baritaba ico giteramo aho yari yifadikanije n’aba comédien bagenzi biwe. Kuva aho baciye babona ko bishoboka guhamagarira abantu ndetse bakanabitaba.

Imyaka cumi irarumanye ico giteramo Kigingi Summer Comedy kiba uko umwaka utashe kandi kikitabirwa n’abantu benshi.

Rero ntibikiri mu Burundi gusa n’abarundi bari mu mahanga basigaye bamutumako kugira abateramishe. Aheruka mu gihugu c’ububirigi akivayo yavuze ko ubu imiryango yuguruwe agiye kuza araja no mu makungu guteramisha abakunzi biwe.

Imvugo yabaye ingiro abari muri Sweden mumwitege igenekerezo rya 1 Gitugutu 2022 aho kuri IDROTTSGATAN 2,Uppsala 75333.

Ahagiye gukurikira ni hehe? Bandanya udukurikirana kuri indundi Magazine vyose tuzobikumenyesha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 744