Entertainmenthomepage

Kigingi Summer comedy kuyindi ncuro n’abavuye hanze bahawe ikaze

Mugenzi Alfred Aubin niyo mazina yahawe n’abavyeyi, izina mwamenyeyeko cane ni Kigingi mu mwuga wiwe wo gutwenza.

Tuvuze ko ariwe yakanguriye abandi ba comedy mu Burundi gukoresha Impano zabo nka kazi ntitwoba dushikuje.
Kigingi Summer comedy ku ncuro yayo yambere vyari bigoye yuko abarundi baritabira ariko ubu aho igeze uwusivye arahomba.

 

Uko yagenda irakurikirana niko hagenda haraboneka ubudasa ariko kuri iyi ncuro yayo igira 6 ugerageje kuraba abazokwitaba n’ukugorora imbavu bikwiye ata gihombo, aba nyarwenya 5 bavuye hanze ndetse nabo muburundi bazofatanya nka Michael Sengazi,kimenyi Hervé ,Babou,Prince,Merci,pilipili troupe,Mutima,Raoul,Bareth,Lauréats passac- bu n’umuririmvyi Theecember. Hakazoba ari kw’igenekerezo rya 20 Myandagaro 2023 kuri Mess des officiers isaha icumi, nayo kw’injira akazoba ari ibihumbi 10 hamwe n’ibihumbi 50
Kigingi nabo bose twadondaguye bazobafasha kwongereza imisi yo kubaho
Ntimuzotangwe muze mwirabire igiteramo kidasanzwe kigenda candikisha amateka uko Umwana utashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 706