BurundiEntertainmentIKIRUNDI_newskirundi

Kigingi yamaze kwerekeza mu bubirigi

Ku mugoroba w’uyu musi wa nyuma w’ukwezi kwa 5, umukinyi w’amareresi atwenza Mugenzi Alfred Aubin yafashe rutema Ikirere yerekeza ku mugabane w’Uburayi.

Kigingi akaba afashe indege mu gihe ategerejwe mu bubirigi Aho yateguriwe igiteramo azokorerayo, kw’igenekerezo rya 4/6 mu bubirigi.

Abantu bakaba batanguye kwibaza nkuko vyananditse na Siren Vibe ku rubuga rwabo rwa Instagram nimba Kigingi azokora ico giteramo gusa, canke azoca akorera n’ahandi kuri uwo mugabane.

Itegurwa ry’ibiteramo mu mwanya muto, kuko abantu bashitse kuri uwo mugabane bikaba bimenyerewe cane, ubwo bikaba bishoboka ko ariwo mukenyuro uzoca ukoresha.

Mwomenya ko Kigingi yarafise umugambi wo gukorera hanze ya Africa haraheze igihe kitari gito, ariko hakaba hagumye haza inzitizi zitandukanye zatuma atabasha gukora ivyo biteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583