BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundi

Kigingi yoba yamaze kwinjiza mu mwuga umutambukanyi wiwe

Ku bakurikirana Kigingi, barazi Video yiwe ariko aha ishurwe umukunzi wiwe, ico gihe Hari imbere yuko bakora ubugeni.

Ako ka Video kakunzwe cane n’abakabonye, amakuru twaronse avuga ko kafatiwe mu gihugu c’Urwanda, ico gihe uwo mukinyi niyo yari mu rugendo, anagirako araba umukunzi wiwe yaraciga muri ico gihugu.

Kuvaho Kigingi na Marina bagiriye ubugeni, ubu bakaba basanzwe bafatanya cane mu bijanye n’ikorwa ry’ama Video atwenza cane.

Muri uku kwezi kwa 5 bakaba bakoze ama Video 2, ariko atwenza abatari bake.

Imwe ikaba Ari iyo Kigingi yari aryamanye Passport irimwo Visa, Aho hari mu Ntumbero yo kwerekana ko igisigaye Ari ugufata indege imwerekeza mu bubirigi Aho azoba agiye gukora igiteramo yateguriwe.

Iyindi yamaze kubonake, ikaba Ari iyo bakinye ku musi wa gatanu Aho Kigingi yakinye afata uwo mutanbukanyi wiwe Marina, amubwira ko atamusiga ngo bajane kuryohererwa Week end.

Izo Video zikaba zikurikiye ama foto yabonetse inyuma gatoya y’ubugeni bwabo, Aho babonetse bafatanya mu kwifotoza ama foto abatari bake bavuze ko Ari ay’ibirofa.

Mu kiganiro Kigingi yigeze gutanga, yamenyesheje ko hagati yiwe n’umutambukanyi wiwe, ngo uwutwenza cane Ari umukunzi wiwe, ubwo rero Kigingi ashobora kuba yatanguye kumwinjiza muri uwo mwuga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775