homepage

Kikomando ya Babbi yakwije abantu 100 000 bamaze kuyiraba

Naho bigoye kuvuga ngo ryari, ariko uwukurikiranira hagufi ibikorwa vya Babbi muri Tanzania yavuze ko indirimbo izokurikira bazoraba barenze aho Kikomando igeze uno musi.

Inyuma y’umyaka n’amezi 3, akaririmbo Kikomando ka Babbi kashikanye abantu 100,000 bamaze kukaraba ku rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha.

Ako karirimbo kakaba kakurikiwe n’utundi tutari duke nka By Your Side, Anga la Mpenzi na Mbwira yaririmvye mu kirundi. Utwo tukaba tutegereza incuro Kikomando imaze kurabwa kuri urwo rubuga.

Uwusanzwe amukurikiranira hagufi ibikorwa vyiwe muri Tnaznia, mu kumukeza yavuze ko igikorwa kizokurikira bazoraba barenze kuri urwo rugezo uno musi iyo ndirimbo irabweko.

Mukamenya ko Babbi asanzwe abarizwa muri amerika, ari umwe mu baririmvyi ndundi basanzwe bakora ibikorwa vyabo bikerekanwa akatari gake muri ico gice ca Afrika y’Ubuseruko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 670