BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Kireko ngo igikino s’icabo, bo n’abakozi, abobikora n’abakoresha

Hakizima Deo niko kazina abavyeyi bahaye Sakubu canke Kireko, umukinyi w’igikino Ninde abatari bake bakuze bakunda gukurikirana Ku mboneshakure y’igihugu RTNB.

Mu kiganiro uwo mukinyi aheruka guha imwe mu mboneshakure za hano iwacu, yamenyesheje ko hari impamvu umugwi asanzwe arimwo haraheze imyaka ishika 30, utaboneka Ku mbuga ngurukanabumenyi nka YouTube canke Facebook.

Muri ico kiyago na Isaac, uwo mukinyi yamenyesheje ko ivyo bikino bamaze imyaka bakina atari ivyabo, ahubwo ngo n’ivy’ubushikiranganji bw’imico n’akaranga, ngo nico gituma badashobora kubisohora Kuri izo mbuga, ngo n’igikorwa c’ubwo bushikiranganji.

Uwo mukinyi w’imyaka 71, yanamenyesheje ko bafise amasezerano n’ubwo bushikiranganji, ngo bo bahembwa buri kwezi. Ariko ico ntikibuza ko bashobora gukorera ayandi mashirahamwe afise ibikino  baba bashaka ko bobakorera.

Ku kibazo c’abazobasubirira, Kireko avuga ko bafise urwaruka bariko barigisha kugira nabo bazofate idarapo igihe bazoba batakirimwo, ubona ko bariko barasaza.

Mwomenya ko ivyo bishikirijwe mu gihe abatari bake basanzwe bakunda ico gikino bamaze igihe bidoga ko batabona ico gikino Ku muhora utuma biborohera kukiraba, aho bamwe bavuga nka YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775