Entertainmenthomepage

Kirikou akili akoze Kuri Big Fizzo bamwita umwana wo mw’ibarabara

Kirikou mu gutegurira Indirimbo yiwe inzira ateje uruhagara mu baraba Facebook, aho abatari bake bamwise umwana wo mw’ibarabara Kandi kuko yakoze kuba Legend, aho bamwe bavuga ko yashatse kuvuga Big Fizzo.

Kirikou Akili akojeje agati mu ntozi, asubiye Kandi kuvuga ijambo Legend, none imitima yasubiye kuja mu kirere.
Akoresheje urubuga rwa Twitter, uwo muririmvyi aheruka kumenyesha ko agiye gusubira Kandi kugaruka mu Muziki, yavuze ko aba Legend ngo bafitiye inzigo urwaruka ruriko ruraruka muri ino misi mu Muziki, ariko akaba yabahumurije ko ataho bazobashira kuko ngo abakunzi b’umuziki bo babakunda.
Uwo musore yagize Ati:” Mbanje gusaba imbabazi, ariko ndanasavye uwo bitaraba yirenganire… ariko aba bantu biyita aba Legend mu Muziki, benshi muribo, bafitiye inzigo urwaruka rushasha, ntaho muzodushira, abakunzi b’umuziki mwiza baraduhisemwo. Yeremiya 1:19 Son of Jah.”
Iryo jambo ryo muri Bibiliya yaherezesheje ubwo butumwa rikaba rivuga ngo :” Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.”
Nta wabashije kumenya uwo babwiye, ariko igishoboka co nuko hanuganurwa ko habwirwa Big Fizzo, canke Sat-B, kuko abo baririmvyi 2 aribo baheruka kugira ico bashikiriza ku biriko biravugwa mu Muziki muri ino misi.
Muri comment twabashije kubona, habonetsemwo amajambo atari make, bamwe bavuga uwo musore atawomwankira ikintu kuko ngo umuziki yarawuhevye, abandi nabo bakavuga ko iyo wavuye hatakuva inyuma, ngo ivyo avuga arafise iyo biva, aha bakaba bashatse kuvuga ko avuga nk’abana bo mw’ibarabara kuko mubizi ko afitanye Kahise n’ubuzima bwo mw’ibarabara.
Abandi n’abo bakaba bavuze ko Sat-B we ata kibazo, ahubwo ngo ikibazo ari Big Fizzo ubwiwe, abandi n’abo bakavuga ko yarakwiye kugenza gake, kuko ngo iyo hataba Big Fizzo nta hantu na hamwe aba arigeza.
Bamwe mubo twabonye bagize bati:”
Iyo hataba Fizzo wewe Uba ugeze he?
Uwukize isemu yibagirwa icamukijije, gusa nahora niyumvira ko ufise ubwenge, nsanze uri itabi, Really thna really.
Vuga make wirenganire, wibaza ko iyo hataba abo nyene uvuze ko biyita aba Legend, birashika wewe ukaba ukiri mw’ibarabara.
Ntahurashika oroha Sha, Burya bazokwama bakuruta, ntukangwe n’utwo duhit tungahe, rirya zina bafise ntaryo uzokuraho.
Iyo Post yari yashizweko ku musi w’ejo mu masaha y’umugoroba, ikaba yaciye ikurikirwa na Cover ya Coming soon y’indirimbo yiwe nshasha. Akaba yari yanamenyesheje ko ikimutebeje ari ama Examen y’igice ca 2 gusa, ngo nayo ahandi ngo Indirimbo yari kuba yasohotse.
Agisohora iyo Post, abatari bake barimwo na Edisson Ndayahoze asanzwe ari umumenyeshamakuru wa PJ Classic Fm, baciye baciye batahura ko uwo Musore ico yaragamije kwari ugucira inzira Indirimbo yiwe nshasha.
Iyo ndirimbo yaciriwe inzira n’ukugaruka kuba Legend akabifatira mu gahanga, yahawe akazina ka Ntivyakunze.
Naho atatomoye neza, akaba yari yamenyesheje mu makuru yahaye Akeza ko iyo ndirimbo izosohokana n’amasanamu yayo.
Naho akazina, n’uko isohokana amasanamu vyamaze gushirwa ahabona, ryari izosohokera vyo bikaba bikiri ibanga ryiwe.
Iyo ndirimbo Ntivyakunze, ikaba izoba ibaye Indirimbo ya mbere asohoye inyuma y’imyaka yariko irababa 2, adasohora Indirimbo yiwe bwite. Muri ico gihe cose, Kirikou Akili akaba yahora asohora Indirimbo z’ama Collabo n’abandi baririmvyi barimwo Double Jay, Kivumbi King, n’abandi batandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707