homepagekirundipoliticssecurityWorld News

Koreya ya ruguru igabisha ko ishobora kugerageza ibindi birwanisho ruhonyanganda

Umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong-un, avuga ko agiye gusubira kuvyura umugambi wo kugerageza ibirwanisho vy’ubumara na za misire zirasa kure.

Uwo mugambi wari wahagaritswe kubera Koreya ya Ruguru yari mu biganiro na Amerika.

Bwana Kim avuga ko mu minsi ya vuga ashobora gukora “ikindi kirwanisho c’ubumara gishasha”.

Ariko yavuze ko yiteguriye kubandanya ibiganiro, ivyo ngo bikazovana n’ingene Amerika “ivyifashemwo”.

Umugambi w’ibiganiro warahagaze, kubera Amerika yanse gukura ibihano yafatiye Koreya ya Ruguru gushika ihevye umubambi wayo w’uguhingura ubumara.

Mu mwaka wa 2019 urangiye, Koreya ya Ruguru yaragerageje ibirwanisho bito bito bitari bike, mu cabonwa ko ari ukugerageza kugondoza Amerika ko yogira ico yiyemeje.

Ikizwi ni uko iyo ngingo yafashwe na Koreya ya Ruguru yo guheba igerageza ry’ibirwanisho ruhonyanganda be na za misire zirasa kure yabaye umushinge w’ibiganiro na Washington.

Koreya ya Ruguru ntiyigeze isubira kugerageza ivyo birwanisho kuva mu mwaka wa 2017.

Kim yavuze iki?

Bwana Kim yavuze ayo majambo inyuma y’ikoraniro ry’abategetsi b’umugambwe ryari rimaze iminsi ine ku mugwa mukuru Pyongyang , ibitari bimenyerewe mu gihe nk’iki.

Uno munsi kuwa 01 z’ukwezi kwa mbere, ikinyamakuru ca leta casubiyemwo amajambo yiwe aho avuga ko Koreya ya Ruguru ihagaritse iyo ngingo yari yafashe y’uguhagarika igerageza ry’ivyo birwanisho.

Avuga ko vyatumwe n’uko Amerika ibandanya imyimenyerezo ya gisirikare na Koreya y’ubumanuko, kandi ko yongereje ibihano.

Itororokanirizo ry’amakuru KCNA ryashikirije amajambo yiwe avuga ati:

“Muri ico gihe, nta mpamvu y’uko twoguma twihambiriye kuri iki cemezo twenyene, mu gihe urundi ruhande rudashaka kwubahiriza ivyo rwiyemeje”.

“Kandi ivyo bisubiza inyuma utwigoro twacu two kugabanya ivyo birwanisho”.

Yagabishije ko “isi igiye kwiboneka ikirwanisho ruhonyanganda c’ubumara gishasha” muri Koreya ya Ruguru “vuba cane”, ariko akaba ata nsiguro yatanze.

Muri iryo koraniro ry’umugambwe, Bwana Kim yamenyesheje ko ibihano ico gihugu cafatiwe vyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco kandi ko ata cerekana ko bigeye gukurwaho vuba.

Agabisha ko bizoba ngombwa ko abanyagihugu “batubika umukanda”.

Amerika yishuye iki?

Mu gihe yariko aja mu ntara ya Florida guhimbaza umwaka mushasha, Bwana Trump yabwiye abanyamakuru ko we na Bwana Kim “bateye igikumu ku masezerano avuga ivyo guhagarika umugambi w’ugukora ibiranisho vy’ubumara”.

Ati: “Ndibaza ko ari umugabo atihindukira mw’ijambo”.

Nayo umunyamabanga wa leta ajejwe imigenderanire Mike Pompeo avuga ko yizeye ko Koreya ya Ruguru izohitamwo amahoro haguhitamwo intambara.

Yabwiye televiziyo ya Amerika CBS ati: “Nimba indongozi Kim yisubiyeko ku vyo yemereye Prezida Trump, vyoba bibabaje cane”.

“Yariyemeje imbere ya Perezida Trump hanyuma Perezida Trump nawe yiyemeza kutazosubira gukora imyimenyerezo ya gisirikare ikomeye”.

“Twabandanije twubahiriza ivyo twiyemeje. Tuzobandanya tuvyubahiriza kandi turizeye ko na we nyene azokwubahiriza ivyo yiyemeje”.

Gushika ubu, Amerika yaranse gukuraho ibihano, igashimangira ko Koreya ya Ruguru itegerezwa kubanza guheba burundu umugambi wayo wo guhingura ubumara.

Source : BBC

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755