Entertainmenthomepage

kuberiki Bahaga mu Bubirigi, apana mu Bufaransa?

Bamwe ishavu ryagera i mutwe ngo yavuze ko aba Diaspora bakora nk’ibimachine, ngo nta wuzoja ku muraba, ubu ubwanwa bwafutse umunwa.

Ariko rero iboneka rya Bahaga mu giteramo kimwe muri 2, ndakurahiye bifitanye Isano n’ubwoba bari batewe n’iboneka rya bimwe mu bihangange muri ico gihugu mu misi iheze. Reka tubivugeko uno musi.
Abarundi barayamaze ngo n’uwanka urukwavu aremera ko rwiruka, umuririmvyi Drama T ino week arasusurukije abari mu Bubirigi no mu bufaransa akavuze aba nyarwanda.
Uwo muririmvyi amakuru avayo atangwa n’abantu batandukanye yemeza ko uwo mwana w’umunya Muyinga yakoze ibikomeye muri ivyo biteramo 2 yakoze muri ino Week end.
Ariko hariho akantu abantu batari bake batabashije kwibaza. Ako Nako ni kuberiki umuririmvyi Bahaga yafatanije na Drama T mu Bubirigi ariko ntibakorane mu Bufaransa, Kandi imisi yarakurikirana?
Canke mbe hoho kuberiki gukorana mu Bubirigi? apana mu Bufaransa? Canke kuberiki gukorana na Bahaga? Kuko ata gukekeranya kurimwo, harimwo n’abandi baririmvyi uretse Bahaga inararibonye mu muziki wa hano iwacu.
Iki kintu gishobora gusigurwa n’ibintu bimwe bimwe, twashatse kugarukako muri ino nkuru, itaza guhagarara ku giteramo ca Drama T gusa, ahubwo no ku bindi biteramo bitandukanye bimaze gukorekerwa Kuri ubwo butaka bw’Ububirigi.
Ku bavyibuka, hari akoba Kari kabaye mu misi iheze, aho abantu bibaza nimba Drama T azobasha kuronka abantu muri ico gihugu, kuko yaheruka kuvuga ko aba Diaspora, bamwe nyene azoba agiye kuririmbira, ngo bakora nk’ibimachine, ivyamuviriye gutukwa n’aba na bariya, ariko habamwo n’abandi bavuze ko uwo muririmvyi atabeshe, kuko biriho, abandi bavuga ko ivyavuzwe ari inkuru zo Kuma Ligala.
Mu biganiro DJ Paulin yatanze, yarahumurije abantu avuga ko abantu bazobasha Kuja mu biteramo, ngo abatazoja mu biteramo ngo n’abazoba basanzwe badafise umugambi wo kuja muri ivyo biteramo, ariko ngo abafana biwe bazojayo.
Uwo mugabo Kandi yaranamenyesheje ko ibiriko birategurwa bikomeye, ngo ico giteramo kizoba gisumba ibindi biteramo vyabaye mu Bubirigi.
None vy’ukuri n’igiki cosiguta iboneka rya Bahaga muri ico giteramo cari categuriwe Drama T mu ntango? kuko ubwa mbere vyaboneka ko umu Star muri ico giteramo ari Drama T, ariko mu nyuma vyahavuye bihinduka, noneho basangira ubustar na Bahaga.
Ikimenyamenya nuko na Affiche yahinduwe, aho hahavuye handikwa ko Ari Drama T & Bahaga Concert.
Ibi bikaba bitahora biba ku baririmvyi bakorera ibiteramo mu mahanga, kuko abandi baba bamufasha apana ko basangira icubahiro.
Uburorero bwavyo buruzuye, bumwe ni nk’ibiteramo vyaba Big Fizzo, ba Dr Claude, ba Kidum, n’abandi batandukanye, mbere unashizemo na bagenzi Bacu bo mu Rwanda.
Iboneka rya Bahaga muri ico giteramo c’uyu musore ata ma Hit menshi afise nk’abandi batandukanye bamaze gukorera ibiteramo muri ivyo bihugu, rikaba rishobora kuba risiguwe n’igihugu bakoreyemwo.
Ububirigi ku mugabane w’uburayi, bufise ikibanza gikomeye. s’ubwo guta mu nda nsa. Hampande yo kuba arico gihugu twovuga ko ari nk’umugwa mukuru wa Politique Kuri uwo mugabane, ni naco gihugu gikunze kuberamwo ibiteramo vyinshi cane vy’abarundi n’abanyarwanda, uravye neza mu myaka iheze, Buruseri nico gisagara cakiriye ibiteramo vy’aba bagabo vyinshi bimaze kubera Kuri uwo mugabane.
Ikindi nuko Ububirigi ari igihugu gifise igitigiri kinini c’abarundi n’abanyarwanda, gushika yaho inyuma ya rya genda ry’abarundi benshi Kuri uwo Mugabane baciye muri Serbie, havuzwe ko ubu utsitaye mu bubigiri uza wumva bakubwiye ngo mpore, canke wasamuriye muri Metro wumva ngo Kira.
Ikindi gishobora kubisigura n’uko muri aya mezi 2, ico gisagara cabashije kwakira abagabo b’abarundi n’abanyarwanda batari bake, Kandi basumvya amazina n’uburambe, uwo mukunzi wa Mow Kanzie, barimwo Kigingi, Kidum, Riderman n’abandi batandukanye.
Ikindi twosiguza isangira rya Drama T na Bahaga Icubahiro mu bubirigi, n’uko Manager DJ Paulin yari yemeye ko ico giteramo ca Drama T mu bubirigi, kizoba igitandukanye Kandi gikomeye gusumba ibindi vyahaciye.
Ikindi Kandi ari naco gishobora kuba gikomeye mu vyatumye Bahaga ahaboneka, nukugira Drama T aronke inararibonye yishimikiza nk’inkoni kuko Kidum agize imisi abarizwa Kuri uwo mugabane, ahakoreye ibiteramo bitari bike, Kandi hafi vyose atana kimwe cari coroshe.
Ku bavyibuka Kidum akorera igiteramo mu Bubirigi, Big Fizzo yarahabonetse Kandi asa nkaho yamufashije Promotion. Bisigura ko iyo hataboneka iyindi nararibonye, Uwo muhungu wa Tausi yari kuba ariko agwana n’ibihangange 2.
Ikindi gituma yategerezwa gukora ibikomeye mu Bubirigi, kwari kugira yemeze bimwe bikomeye, kugira mu Bufaransa baze basidukane n’iyonka, baje kuraba uwo musore yaraye akoze igiteramo ubwa mbere I Burayi, akemeza abantu bose.
Ku babikurikiranye, no mu Bufaransa naho yarakoze ibikomeye kuko naho yarujuje abantu baratangara nkuko batangaye mu Bubirigi.

Igiteramo co mu Bubirigi kandi categerezwa gukorwa mu buryo budasanzwe, kuko mwibuke ko hari abandi basavye ko bamukeneye, ariko akenshi akaba ari ukumwipfuza gusa, baba batarashira amafaranga ya Avance ku meza. Ico gihe baba barindiriye kubona ico ukora uwo musi wa mbere, kugira babashe kwemeza ko ari sawa, canke bazoba bihenze mu kugukoresha.
Ubu rero kuba yakoze Birya, uwo musore wacu akaba agiye guhamagarwa bikomeye Kuri uwo mugabane, na rirya yamaze kwugurura uwo muryango utorohera bose.
Naho uwo musaza DJ Paulin yabishikirije ko we atanga ivyo yasabwe n’abafana, iki giteramo kikaba ari nkaho cabaye Kandi imponjo ku bandi benshi babarizwa muri Canada, kuko ariyo yindi ntambwe y’uwo muririmvyi hamwe na bagenziwe 2, Double Jay na Vania Ice.
Mu butumwa bwo Gushima bwabonetse, uwo muririmvyi yashimiye abavuye mu bihugu bitandukanye Kuri uwo mugabane, haba mu bubirigi, Ubwongereza, Swisse, Norvege n’ahandi. Abo nyene bakaba barimwo abategura ibiteramo bari baje kubanza gusuma urusaku kuvyo botegurira abarundi baba muri ivyo bihugu baje baturukamwo, harimwo n’abafana b’ukuri bafashe ingendo z’imodoka z’umwanya utari muto, kugira baje gufana.
Muri abo nyene harimwo n’abatamwerekwa bari bagiye kugira akore ikosa ryo kutaronka abantu noneho bace bamwararaza, ko bashatse kumugira igihangange Kandi ataco amaze.
Aha mukamenya ko bamwe mu bavuze ayamuhe Kuri bwa butumwa bwa Drama T, babonetse muri ivyo biteramo, bamwe muribo bakaba ari n’abaririmvyi, ariko kuva bashika muri ivyo bihugu, batarabasha kuhakorera igiteramo na kimwe.
Urugendo, canke akazi ka Drama T Kuri uwo mugabane, rukaba rutarangiye, kuko ategerezwa kuhakorera amasanamu y’indirimbo yakoranye n’umwe mu baririmvyi b’abarundi bariko baravyitamwo neza muri ico gihugu.

Ikindi gishoboka n’ifatwa ry’amasanamu y’indirimbo yiwe bwite, kuko nawe nyene atogenda atahakoreye amasanamu nk’abandi baririmvyi bamaze kuhahonyoza ikirenge, nka Big Fizzo, Kidum, Riderman, n’abandi.
Ubu rero kuba uwo musore basa n’abamukuye ivata, canke basa n’abamusiramuye, ubwoba bukaba bwamaze gushirwa ku ruhande. Hampande y’ayo agize imisi yegeranya mu biteramo n’ama Kermesse I Bujumbura, Drama T agiye gutangura kwurira indege nk’uwurira Bus, agiye gukora ibiteramo, mbere anaririmbe muma Private Party muri ivyo bihugu, kuko gushika ubu ariwe wenyene mu Baririmvyi b’abarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722