Mu gihe B Face yamaze gushika muri Australie, akagenda ataranamenyesha ko yaronse na Visa, uwo muririmvyi yasohoye ama Photo ya mbere ari muri ico gihugu.
Ayo mashusho akaba atandukanye nayo yarasanzwe asohora, kuko Kuriyo yari yambaye umwambaro utamenyerewe, uwo nawo ni ikabutura.
Uwo muririmvyi nkuko asanzwe abizi, akaba yaciye ayaherekezesha amajambo avuga ngo:” Bwira mugenziwe wawe, uti B Face yambaye ikabutura ndabe icomugira.”
Ayo majambo yavugishije benshi kuko abatari bake batabonye ikabutura, ahubwo babonye amaguru.
Bamwe bakaba bamubwiye ngo yatanguye ingendo yo kudarapa ibijambe, vyiwe. Abandi nabo bamwibutsa ko uwo muririmvyi ari irya mbere yambara ikabutura, abandi n’abo ngo banka kumuvuga kuko bohava bihurira.
Aya ma FOTO akaba aje akurikira ayo yaheruka gusohora yambaye agatuza gusa, aho yatangaje benshi nayo, kuko ivyo bintu atavyo bari bamuziko. Umunyarusaku Nelly Nat we akaba yamenyesheje ko B face ngo yasirimutse asigaye yambara agatuza yashize hejuru.
B Face akaba ari mu rugendo muri Australie azomaramwo imisi atavuze, ariko ikizwi co nuko azokora igiteramo Kuri uyu wa 2/6 muri ico gihugu nyene mu gikorwa categurwe n’urwaruka rw’abarundi bari mw’ishirahamwe BUCOWA.



















