BurundiDevelopmenthomepagekirundiyouth

Kumenya ururimi rw’icongereza ngo vyogira akamaro kanini ku rwaruka rw’Uburundi

Kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 21 Munyonyo 2020, umurwi w’urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe Kit-Hub waramutse ugirisha ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku ruhara ururimi rw’icongereza rufise aha mu Burundi na canecane mu migambi urwaruka rwitunganiriza.

Ku bwa Ferdinand Nkengurutse arongoye iryo shirahamwe, kugira ngo urwaruka rwinjire neza muri ivyo bikorwa rwitunganiriza ngo rutegerezwa kumenya icongereza. Ivyo akabivuga afatiye ku bicuruzwa vyinjira biva hanze, biba vyanditseko icongereza.

Ferdinand Nkengurutse amenyesha kandi ko Reta y’Uburundi ikwiye gushiramwo inguvu zishoboka kugira ngo urwo rwaruka rumenye ururimi rw’icongereza kuko vyogira akamaro kugira narwo rushobore kuza rurahiganwa n’urwo mu karere mu migambi ruba ruriko ruritunganiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769