Entertainmenthomepage

Kuva ubu Wiz Disigner niwe Brand Ambassador wa Cool up

Mu masezerano y’umwaka uwo muririmvyo w’umurundi yasinyiraniye n’ishirahamwe Aquavie Liquids kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro Wiz Disigner agiye guhagarira nk’umu Brand Ambassador mu kumenyekanisha ico kinyobwa mu bikorwa vyiwe asanzwe akora .

 

Mw’ishirahamwe Aqvuavie Liquids Estella Ndayishimiye N.yariserukiye mugihe hariko haterwa umukono kumasezerano yo gukorana n’uwo muririmvyi yavuze ko intumbero aruko nyimba hari akunguko kubihungurirwa mu Burundi habwirizwa kandi no kuba akunguko kubafise impano harimwo abaririmvyi.

Yamara aha n’ubwo Estella Ndayishimiye ahamagarira abakunzi kwihereza cool up kuko ari ikinyobwa gikwije ibisabwa n’ikigo c’igihugu kigenzura ubuziranenge #BBN kandi gishobora kudandazwa mbere no hanze y’igihugu ko abana bari musi y’imyaka 18 n’abagore b’ibungenze batarekuriwe kucihereza.

Ishirahamwe Aquavie Liquids risaba kandi abihereza Cool up kwama bitwararika gushira amacupa akozwe muri plastic Aho yagenewe kugira ibidukikije bigume bikingiwe kuko muri iryo shirahamwe mwe n’aya macupa baheza bakayahinguramwo ibindi ivyo bita recyclage.

#Burundi
#RadioIndundiCulture

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707