abakinyi bakina hanzehomepagekirundi_Sports

Imyimenyerezo y’intamba mu rugamba iriko yitabirwa n’abakinyi 4 gusa .

Imyimenyerezo y’intamba mu rugamba iriko yitabirwa n’abakinyi 4 gusa .

Umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije amaze imisi ariko akoresha imyimenyerezo abakinyi bashika kuri 4 b’intamba mu rugamba batararonka imigwi bakinamwo hamwe n’abo amahiganwa yabo ataratangura.

Iyo myimenyerezo akaba ariko ayibakoresha mu ntumbero yo kwitegurira neza urukino ruzohuza Uburundi na Cameroun igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 .

-Abo bakinyi nabo ni Cedric Amissi muri kino gihe ata mugwi afise abarizwamwo.

– Bimenyimana Bon Fils Caleb , bivurwa y’uko ashobora gukina muri umwe mu migwi ikomeye yo mu gihugu ca Lybia .

– Hussein Shabiani Tchabalala nawe nyene agiye gukina mu gihugu ca Lybia mu misi iri mbere .

-Djoufack Gregory umukinyi mushasha yatumweko mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba.

🏃🏿Abo bakinyi bose umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije ahora abakoresha imyimenyerezo imisi yose kuva igihe c’isaha icenda ( 15h00) , ku kibuga ca Centre Technique kiri mu Ngagara abavanze n’abandi bakinyi bahora bamenyerezwa na Niyonzima Dominique .

Mwomenyako Abakinyi b’intamba mu rugamba bose na Staff bazohurira mu gihugu ca Cameroun igenekerezo rya 05 Nyakanga 2023 ata gihindutse .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 825