footballkirundikirundi_Sports

Ihiganwa ry’amahoro ku misore yo mu gisagara ca Bujumbura rigiye kubandanya .

⚽️Ihiganwa ry’amahoro ku misore yo mu gisagara ca Bujumbura rigiye kubandanya .

⚽️Kuri uyu wa gantandatu no ku w’Imana uza amagenekerezo ya 02 na 03 nyakanga 2023 , ihiganwa ry’ amahoro ry’imisore yo mu gisagara ca bujumbura rizobandanya .

⚽️Ku musi wa gatandatu 02/09/2023 isaha icenda n’iminota mirongo ine n’itanu ( 15h45 Min) ku kibuga ca Saint Augustin kiri mu Buyenzi , umugwi wa Ruvumera Fc uzokwakira Mutakura Fc .

⚽️Ku musi w’Imana igenekerezo rya 03/09/2023 isaha indwi n’iminota mirongo ine n’itanu ( 13h45) ku kibuga ca Saint Augustin nyene , umugwi wa C.K.F.A Fc uzokwakira Saint Augustin Fc .

⚽️ Ku kibuga co mu Buterere ku musi wa gatandanu hamwe n’umusi w’Imana ni ukuvuga ku magenekerezo ya 02 n’aya 03 nyakanga 2023 iryo higanwa rizobandanya .

Ku musi wa gatandatu 02/09/2023 isaha icenda n’iminota mirongo ine n’itanu ( 15h45) ku kibuga co mu Buterere , Umugwi wa Golden uzokwakira Peace and Love Igenekerezo rya 03 nyakanga 2023 naho

⚽️ Isana icumi ( 16h00) ku kibuga co mu Buterere , Umugwi wa Jasna Fc uzokwakira Garage Fc .

⚽️Iryo higanwa rikaba ryitabiriwe n’imigwi ishika kuri 9 , rikaba ryemerera umugwi umwe umwe gukinisha abakinyi bashika kuri 4 bakina muri Primus League.

Mwomenya ko iyo ari incuro igira gatatu iryo higanwa ritunganywa n’imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura

What's your reaction?

Related Posts

1 of 664