BurundiEntertainmentkirundi

Landry Promoter na Yves Bally ntibakibarizwa muri Waka Light Tv

Benshi bamuzi nk’umuvumbuzi, Landry Promoter arikumwe naYves Bally (Cameraman), ariko bamenyekanye ku mboneshakure ikorera ku rubuga ngurukanabumenyi Waka Light Tv ubu batanguje ivyabo kumugaragaro.

Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru Landry Promoter yemeje ko mu bumenyi afise Waka Light Tv ifise uruhara runini kandi agashima kukuntu babanye neza mubikorwa bitandukanye, akemeza ko naho batanguje imboneshakure Hit Top Tv, Landry agikeneye gushigikirwa akanerekwa umwonga uhuma n’uwudahuma nabo bamutanguriye umwuga mukumenyeshamakuru.

Abajijwe ko Ikibazo c’agafaranga kitoba ariyo mbarutso yo kuvana na Waka Light Tv ni Landry yasubije agira ati:

“Jewe n’ubuyobozi bwa Waka Light Tv ntakibazo c’amafaranga twigeze tugirana, n’ikimenyamenya nuko no kuba twicaye aha mubona (Press conference) Waka Light Tv irabifisemwo uruhara.

Ikindi mwomenya nuko Landry Promoter na Yves Bally bashimiye cane abakunzi babo kuko ngo babafashe mu mugogongo bakabashigikira ndetse bakabereka urukundo no murugendo rwabo bagiye gutangura, aho bemeza ko harimwo inguvu nyinshi z’abakunzi babo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 583