BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Laurette Tetero ng’ibi ibikorwa agiye kurangura imbere y’uko agaruka

Inyuma yo gukora indirimbo zigiye zifise ubutumwa butandukanye kumpande zose, ni Tetero abandanya atangaza abatari bake mukwandika ikirundi kidasanzwe na cane cane ko ari ca kirundi utopfa gusiguza umwana avuka i Bujumbura.

Biciye kuri Tetero Management baratuyagiye bimwe mubikorwa uyo murirumvyikazi agiye kurangura vuba naho ibihe isi igezemwo bitoroshe

Uwusanzwe avugira uwo muririmvyi afashe ijambo yagize ati :

“Murakoze cane. Turindiriye corona ihere. Azoca akora clip video ya Papa Maeva na Nyemerera mu kwezi kw’indwi ace asohora iyindi ndirimbo nshasha iri kumwe n’amasanamu ace aza i Bujumbura”

Ariko abajijwe igituma hatakiboneka ibi na biriya kumbuga ngurukana bumenyi ziwe (Post) , yishuye agira ati:

“Kubera muri bino bihe Tetero asanzwe ari kw’ishure ntihakiboneka ibikorwa kuri za Facebook na Instagram ziwe cane nka kera nikubera ko yafatiriwe n’ivyigwa cane ariko vuba bwango bizohera neza kandi tuvyizere cane kuko ikintu cose kirapanze. Hama ni ukumukeza ahubwo kuko nibake bagiye hanze canke kwiga basubira gusohora”

Habajijwe ati mbega niko Tetero yoba ariwe yiyandikira izi ndirimbo ariko arasohora muri ino misi ko umenga iki kirundi kuriwe coba kigoye??
Manager wiwe yishuye yemeza ko umurirumvyikazi Tetero ariwe yiyandikira.

Tworangiza tubibutsa ko indirimbo Papa Maëva ariyo ndirimbo nshasha ya Laurette Tetero iri ku rubuga rwiwe rwa YouTube dushobora kuja kumushigikira kuko ari indirimbo nshasha kandi imeze neza yanditse neza mu kirundi kiryoheye ugutwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775