Entertainmenthomepagekirundi

Linah Blanche yerekana agashavu kadadanzwe kubamwita underground inyuma yimyaka 13

Linah Blanche n’umwe mu baririmvyikazi bamaze igihe kinini bariko barakora imirimo y’ukuririmba hano kubutaka b’Uburundi kandi  yemeza neza ko ico amaze kurangura kigoye  conashobora bake.

Abicishije munyandiko iherekejwe n’amafoto ya kera yerekana uwo muririmvyikazi akiri mutomuto bitandukanye n’uyu musi.akaba yanditse amajambo agira ati:
“Guhagarara kubutambiro bwinshi, vyaranyubatse kandi bimpa n’ubumenyi co kimwe n’uburambe,
Imyaka cumi n’itatu (13ans) hama ngo ndacari umu UNDERGROUND Mxiuuuuu😒
Ntiharagera, nubu ndabandanya, Imyaka 13 n’imike?? Nawe gerageza turabe.”
Linah Blanche akabandaya kandi avuga ngo:
“Imbere yo kuvuga bu banza kubaza, kuko haraho we wosanga Papa wawe anzi …Ijwi niryo ringaburira, ndiyemera kumpano Imana yampezagije.”
Akaba ashikirije ivyo mugihe haheze igihe kinini ari mu muziki akaba yanaheruka gushira ahabona urukwirikirane rw’indirimbo(Album) runshasha yise Strong Women urukwirikirane rusazwe ruriko ruragurishwa kumbuga zose zikomakomeye mugucuruza umuziki.

Mwomenyako we yemeza ko urunganwe rw’uyu musi rureka kumumenya kubwo kumwima promotion yakazi akora nkuko biba bikwiye,ariko ngo hakaba hariho abakimugereranya n’umuririmvyi acirondeza ivyuwo muririmvyikazi asa nuwiyamiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769