Entertainmenthomepagekirundi

Linel impano nshasha yabonetse muri bamwe baririmba indirimbo zihayagiza Imana

Linel kundirimbo zibiri gusa amaze gukora inyuma y’amezi make atanguye akazi ko kuririmba indirimbo zihayagiza Imana agiye gusohora iyindi izoza iremesha abantu boye kwihebura uko biri kwose.

Linel Barutwanayo impano idasazwe nshasha ibonetse muri uno mwaka wa 2019 muvyo gutanga ubutumwa mu kuririmba indirimbo zihayagiza Imana zimwe bakuze kwita Gospel ngo Uwunesha niryo zina ry’indirimbo yiwe igiye gusohoka mu misi ya vuba.

Linel Barutwanayo ni umuririmvyi asanzwe akiri umunyeshure kuri université y’Uburundi mu gisata ca médécine, akaba yatanguye gusoma ibitabo vy’umuziki kuva mumwaka wa 2012 imbere yuko atangura kuririmba akaba asanzwe aririmba indirimbo zihayagiza Imana eka n’indirimbo zo kubana neza mu bantu. Uwunesha ikaba igomba isohoke isanga izindi zibiri yari amaze gukora kuva atanguye akazi ko kuririmba muri Ruheshi unomwaka wa 2019 kuvuga ko amaze ameze make atanguye akazi ko kuririmba.

Ku makuru uwo muririmvyi yaganiriye Indundi Magazine ngo n’uko indirimbo izoba imeze neza nayo ahanini ikazoba irimwo ubutumwa bwokuremesha no gutuma abantu batokwihebura uko biri kose ikazoshobora gusohoka muri ino ndwi dutanguye.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769