Entertainmenthomepagekirundi

Lolilo akiganuka avuye i Dubai yavuze ivyo yahakoreye

Mzizi wa jiwe Ntare Rushatsi Cambara Burundi ayo yose n’amazina ya Lolilo, hari haheze indwi 3 ari I Dubai akaba yaganutse kuri uwu wambere igenekerezo rya 7 Munyonyo 2022.

Ivyari vyamujanye ngo cari i giteramo citiriwe East African show cabaye igenekerezo rya 29 Gitugutu n’igenekerezo rya 5 Munyonyo.

Agishika ku kibuga c’indege yakiriwe n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, bimwe mu bibazo yagiye aravyishura.

Yabanje gushimira umuririmvyi Mugenzi wiwe Pabro ukuntu yamwakiriye
Yongera aranavuga ko afise indirimbo 6 yakore I Dubai, nayo muvyo yatanguye harimwo n’ama collabo ngo vyose agiye kubishira kumugaragaro vuba nubwo atashimye kuvuga abo bakoranye.

Aranashimira abantu bo muri Angola bari i Dubai ukuntu bakunze ibikorwa vyiwe bagaca bamwongera ikindi giteramo, nukuvuga ko yari gukora I biteramo 2 yaciy akora i biteramo 3.

Indirimbo ngo tugiye kubona vuba Ni “Me Die”
Izindi zizogenda zirakurikira.

Tubibutse ko Lolilo ariwe mururimvyi wambere mu Burundi asohora indirimbo kenshi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769