Entertainmentkirundi

Lolilo mugihe azwi ko ari umu Islam coming soon yiwe ivugishije benshi

Salum Nassor azwi kw’izina rya Lolilo amaze imyaka itari mike mu mwuga wo kuririmba akaba yaravukiye mu muryango w’aba islam nawe akaba ari umu Islam.

Lolilo hamwe twogira urutonde rw’abaririmvyi bafise indirimbo nyinshi arashobora gufata ikibanza cambere mu gihugu c’uburundi.

Mu kwezi kwa Gitugutu 2022 aheruka kuva muri Dubai, mu kiyago yakoranye n’abamenyeshamakuru Yavuze ko aje azanye indirimbo yakoreye amasamu muri Dubai,
ariko gushika ubu ntanimwe arasohora.

Mu gitondo Co kw’igenekerezo rya 27 Kigarama 2022 yashizeko aka video gatoyi ashirako coming soon indirimbo yiwe izoba yitwa” Asante Mungu”

Nubwo iyo ndirimbo itarasohoka yatanguye kuvugisha abantu ku mbuga ngurukanabumenyi bamwe bati yoba yakijijwe agaheba ubu Islam? Uretse umudiho wakoreshejwe umeze nk’indirimbo zabakizwa n’umwambaro bambaye umenyerewe murusengero.

Musomyi wacu nimba nawe umaze kuyibona uyivugakwiki?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550