BurundiDesignEconomyEntertainment2Fashionfashion&styleFunnykirundi

#made in Burundi| Kiyo Fashion Colletive barahagurukiye guteza imbere abanyamwuga

Ivyiza bihingurirwa iwacu ni vyinshi kandi ni vyiza, iyo ikaba ariyo mvo yahagurukije urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe Kiyo Fashion Collective gutezimbere ivyahinguriwe iwacu (made in Burundi).

 

Hari kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi (06) aho abahimga b’abanyamideri bahurikiye muri Kiyo fashion collective bahuriza hamwe ibikorwa mu ntumbero yo gukangurira, gukebura , gukundisha no kurata ibikorwa n’abahinga b’abanyamyuga ba hano iwacu.

Abanyamideri batandukanye ba hano mu gisagara ca Bujumbura bakaba bari basidukanye n’iyonka mu kuza kurata ivyo bahinguye, maze batako baranagurisha ivyo vyiza vyavuye mu maboko n’ubwenge bwabo.

Indundi TV ikaba yari yishikiye kuri Arena club ahari hatunganirijwe iryo murikagurishwa mugashobora gukurikirana hano munsi uko vyari vyifashe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 507