Entertainmenthomepagekirundi

Maguru Ubu ngo ntavyo gutevya umwanya yahoze urakwiye

Maguru n’umuririmvyi aririmba indirimbo zo kuninahaza Imana yarabikoze birashimwa ku ndirimbo ziwe nka Urigikomangoma,Shikama mu nyuma arabura. Muti none iki gihe cose yahorahe?

 

Mu kiganiro yakoranye na Indundi magazine yarasiguye neza ko ivyatuma adasohora cane ngo ni uko yageze mu mahanga akabanza kwiga ivyaho ingene bikorwa.

Nayo ngo icagiye kimucira inzira iyari muri Australia ni uko basanze ari umuririmvyi akongera akaba azi n’ibicurarangisho bitandukanye nka Piano,Guitare….nibindi.

Kubwiwe ngo inguvu zose agiye kuzigarukana akoreshe Impano yiwe yahawe n’Imana aze arasohora indirimbo n’amasanamu yayo kandi atarinze guteba ndetse anaboneke nomubiteramo .

Akarorero yamaze kukerekana isango yari yatanze igenekerezo rya 19 Ruhuma 2023 yatubwiye ko asohorerako indirimbo nshasha yise “Imbungamizi” ryabaye ntabanduka iyo ndirimbo ubu ibarizwa kuri youtube.

Nimba umaze kuyumviriza wamwumvise gute? Maguru wakera n’ uwubu hoba hari itandukaniro?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769