homepageSanté

Makabamba : Urwaruka ruracatinya kwitura amavuriro magenzi y’urwaruka

Rumwe mu rwaruka rwo mu ntara ya Makamba ruvuga ko rutinya kwitura amavuriro magenzi y’urwaruka kuko rutinya ko bamwe mu baganga bohava barwararaza,ivyo bigatuma hari bamwe baja bararwara indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka .Inyuma y’inyigisho zatanzwe n’urunani  rw’amashirahamwe yishinze kurwanya Sida no guteza imbere abantu ABS,urwo rwaruka rwiyemeje  gusigurira rugenzi rwarwo  ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza .

Rumwe mu rwaruka rw’imiyabaga ruserukira urundi  rwo mu ntara ya Makamba rusanzwe ruvugako hari urwaruka  rutinya kwitura amavuriro magenzi y’urwaruka kubera gutinya ko bamwe mubaganga bohava barwararaza. Ibituma rubangamirwa n’indwara zijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

Inyuma yo gukarihirizwa ubwenge n’urunani rw’amashirahamwe yo kugwanya Sida no guteza imbere abantu, urwo rwaruka ruvugako rwahamenyeye vyinshi mubijanye no kwikingira indwara zitandukanye zifatira mubihimba vy’irondoka hamwe no gukinga inda z’indaro zibangamiye urwaruka.

Inyuma y’izo nyigisho rwahawe n’ishirahamwe ABS k’umusi wa kane igenekerezo rya 25 Mukakaro 2024 ,rwiyemeje gusigurira rugenzi rwarwo ruri m’uburuhuko  ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

Urwaruka ruserukira urundi rugera kuri 80 nirwo rwaronkejwe izo nyigisho mu ntara za Mwaro, Bururi , Makamba na Rutana mu kwezi kwa Mukakaro 2024 .

Par Serges Sindayigaya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687