Entertainmenthomepagemusic

Maréchal Femi de j’Abat ubu abarizwa mugisagara ca Bujumbura

kuri uno wambere igenekerezo rya 24 Ruheshi niho umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien azwi cane nka Maréchal Femi de j’Abat yashika kukibuga c’indege ca Bujumbura ingihe c’isaha indwi z’umuhingamo akaba yaciye afata inzira ija kumpanda ahashinguwe umuhisi Bruno SIMBAMVIMBERE batazira Member gushirako ishurwi kwiyo ntatemwa muntumbero y’ukumwibuka kuko igihe yitaba Imana we ntiyarino.

Avuye kuntatemwa kumpanda  yaciye aja mu kigobe aho yatanguje icese amashirahamwe abiri ariyo Fondation Femi de Jabat na UNABUDI(Unisson des Artistes Burundi et de la Diaspora) Inyenyeri z’Uburundi kw’isi .UNABUDI rikaba arishirahamwe rihurikiyemwo Abarundi bafise impano zitandukanye bari mu Burundi n’abari mu bindi bihugu aho avuga korije gushigikira cane abanyabugenene mumpano zose.Mwomenyako aje avuye muri Norvege aho asazwe aba ikindi nuko ariwe arongoye ayo mashirahamwe yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723