homepagekirundi

Masteland ibihugu duhiganwa bifise abantu benshi ariko ivyo ntibiduce intege

Ngendakumana Armel Chabel benshi muzi kw’izina rya Masterland Umwanditsi wa “Nsomya”, na “Mafu” zikaba ari nazo ndirimbo ziwe zikurikirana Kubushasha bwazo, uretse ko twamumenye ku ndirimbo nyinshi zitandukanye.

 

Ku musi w’agatandatu igenekerezo rya 5 Munyonyo uyu mwaka nyene niho yamenyesha abakunzi biwe ko yagize amahirwe yo gushika mu gice gishira icanyuma c’ihiganwa ritegurwa ni Radio y’abafaransa ryitwa Prix decouvertes.

Mu baririmvyi 10 bava muri Afrika mu bihugu bitandukanye Uburundi buza ku numero 7 buserukiwe na Masterland.

Abandanya atera akamo uwo wese yumva ko ari umurundi akunda Uburundi ko yomutora muri iryo higanwa kuko ngo ni darapo y’Uburundi izoba iriko irahungabana mu makungu.

Yongeye aranaremesha abarundi kudacika intege kubera nubwo abaririmvyi barikumwe muri iryohiganwa ibihugu vyabo bifise abantu benshi Ko bitobacintege ubushobozi babufise.

Ivyo akaba yabivugiye Mu kiganiro c’ikibiriraho yakoranye n’abakunzi biwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Yarangije abibutsa ko gutora boca k’umbuga ziwe zose akoresha Facebook, Instagram, Twite,…. hose hariko Link igutwarayo ucubona ahowuzuza amazina yawe na Gmail yawe
Canke ugaca Kuri
www.prixdecouvertes.com

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755