kirundi

Masteland ngo abantu bari i Gitega nta nkeka muzoryoherwa

Masterland, umwanditsi w’indirimbo “Nsomya” n’izindi nyinshi yiyandikira akongera akanazihinyanyurira kuko asanzwe anafise studio izwi kw’izina rya Master music, agiye kuja vuba mu ntara ya Gitega kuryohera abakunzi b’umuziki ndundi.

Indirimbo yiwe “Mafu” niyo ikimota ubushasha inyuma y’igihe kitari gito yari amaze adasohora indirimbo. Kuvyerekeye agacerere yahoramwo yarabisiguye neza ko afise ibikorwa vyinshi, ariko ico ashaka ni ukuvyitondera kugira bizoze bifise akanovera.

Video ya Mafu mwayakiriye gute aho iwanyu?

Niyo ndirimbo nyene agomba aze ngaho i Gitega kugira muyitambane mu kirori GTG Fiesta, azoba ari igenekerezo rya 29 Gitugutu 2022 kuri Lenox Bar. Ibitegekanijwe ni Masterland ubwiwe, Karaoke, DJ Bee Runtown DJs, Promotion,etc.

Ntimuze musibe rero muje kumushigikira Mr Mafu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455